Alexis Sinduhije Aravuga Ku Vyerekeye Ihirikwa Ry’Ubutegetsi Ryo Muri Rusama 2015

0

Mu kiganiro c,amajwi yafashwe kidasanzwe( Audio exclusif) mu nama yagiranye n’Abarundi baba I Buraya, umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhihe, aricuza kubona hatabaye ico yise “ plan B” kugira ‘Nkurunziza yirukanwe ku butegetsi’ inyuma y’igeragezwa ryo gihirika ubutegetsi ryabaye 13/05/2015.

Sinduhije abandanya amenyesha ko mu vyukuri ihirikwa ryubutegetsi ritagenze neza, ko mbere ritabaye kugira hahagarikwe imyiyerekano yariko iba…akavuga ko ‘igihe cose habaye ikintu nk’ico, hategerezwa kubaho umugambi ugira kabiri( Plan B)’.

Sinduhije aremera ko ata plan B yahabaye, akavuga ko kumbure abari babiteguye batari babiteguye neza. Akabandanya avuga ko hakwiye kuba uwundi mugambi wo kwipanga gushasha kugira bashobore kuroranirwa.

Alexis Sinduhije, Umukuru w’Umugambwe MSD

‘Aho harimwo no gushigikira bakiri bato bacaguwe muri uwo mugambi’, akavugako ata ‘wundi muti abona wo gukuraho ubutegetsi buhari kiretse intambara’, niko Sinduhije abandanya avuga.

Avuga ati: “Kubera ko twebwe twitereye mu myaka, tuzorondera ababishoboye twongere tubafate mu mugongo kugira uwo mugambi wacu uje mu ngiro”.

Muri ico kiganiro kandi cafashwe amajwi kidasanzwe kiri mu gifaransa, haravugwamwo ko amahera yari gufasha mu mugambi wo gushikira ubutegetsi ko yakoreshejwe nabi, hakavugwamwo ko ngo yahawe amashirahmwe adaharanir ivyicarovya politike ariko ko atakoreshejwe neza.