Inkoho Zitatu Zaratowe , Abantu batatu barahagarikwa I Makamba.

0

Ivyo vybvaye ku musi wa gatandatu itariki 1/4/2017 I Buheka muri zone Kazirabageni, commune Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba.

Imisore iri mu mugambweuriku butegetsi , Imbonerekure, yarazuye inkoho zitatu na chargeurs 10 mu murima w’imyumbati.

Uwo murima ukaba wakukira umuryango wahungiye muri Tanzania mu nkambi ya Nyarugusu.Uwariko awurima azwi kwizina rya Rumbeti, umuhungu wiwe Majid Felix hamwe n’umukozi wabo wo munzu baciye bahagarikwa inyuma yivyo. Ubu bakaba bafungiwe mu gasho k’I gipolisi I Nyanza-Lac nkuko abatware b’I Buheka babivuga.

Izo Mbonerakure zararashe amasasu menshi mu kirere, ivyatumye abanyagihugu baho bagira ubwoba.
Mwako gace nyene, abantu bane bagirizwa kuba bari mu mirwi irwana barahagaritswe n’igipolisi mwijoro ryo kuwa 30/3/2017.

Inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalachnikov, ama cahrgeurs 5 hamwe nibindi bikopo vyimiti yo kwivuza navyo nyene vyarafashwe.