Abategetsi batandukanye basezeye umuhisi Jean Baptiste BAGAZA

0

Ibirori vy’ugusezera ubwa nyuma umuhisi Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi vyabaye kuri wu wa mbere mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’abategetsi batandukanye bagizwe n’umukuru w’igihugu hamwe n’umutambukanyi wiwe, abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, abashikiranganji, abaserukira abandi mu nzego za gisirikare n’igiporisi, umuryango wiwe, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

hag1

Bitegekanijwe ko ibirori nyezina vy’ugushingurana iteka Colonel Jean Baptiste BAGAZA biba kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Rusama 2016, bitanguzwe n’inkuka y’imisa iza kubera kuri Cathedral Regina Mundi, isaha zitatu z’agatondo, bice bibandaniriza aho uwo muhisi ashingurwa i Bujumbura, i Kiriri, muri Vugizo ku rugo iwe.

Colonel Jean Baptiste Bagaza yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo k’igenekerezo rya 4 Rusama 2016, inyuma y’iminsi yari amaze arwariye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi. Colonel Jean Baptiste BAGAZA yasezeye isi ku myaka 69.

Amwe mu mafoto yaranze ibirori vy’ugusezera Colonel Jean Baptiste BAGAZA

hag2

hag3

hag5

hag6

hag7

hag8

hag9

gah1