Impamvu zatumye Yohani MINANI akurwa mu burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI

0

Uwatowe kugira arongore umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI ariwe Kephas NIBIZI yagiriza uwahora aramutswa uwo mugambwe, ariwe Yohani MINANI ko yagiye mu runani CNARED atabanje kuja inama n’abagize uwo mugambwe. Yohani MINANI yagirizwa kandi ko yahamagariye abanywanyi b’uwo mugambwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, akaba kandi ari mubagerageje gutembagaza ubutegetsi, nk’uko bivugwa n’inzego nshasha zirongoye uwo mugambwe.

Mw’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI ryabaye kuri uwu w’Imana, uwitwa Képhas Nibizi niwe yatowe kugira arongore uwo mugambwe. David Niyoncungu nawe akaba yatowe mu mabanga y’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe.

Mu gihe Yohani MINANI yahora aramutswa uwo mugambwe avuga ko iryo koraniro ryamukuye ritari ryubahirije amategeko, Kephas NIBIZI asigura ko uwari kuritumako, ariwe Yohani MINANI yikuye wenyene mu mugambwe, asiga abanywanyi biwe mu gihugu, aja mu nzego za CNARED, urwego asigaye mbere ariwe arurongoye.

mastu

Yohani MINANI avuga ko atemera iryo koraniro Kaminuza ryamukuye mu mabanga, ahubwo agasigura ko ari inkinamico ryateguwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura bwatewe ishavu n’uko aheruka kugenwa kugira arongore urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA. Yohani MINANI avuga ko uwo mugambi w’ukumukura ku burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE wateguwe n’umugambwe CNDD FDD ubifashijwemwo na Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyabenda Pascal arongoye inama nshingamateka hamwe na Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka.

Yohani MINANI yasiguye ati : « Bafashe Imbonerakure zose bafise mu Kanyosha barazizana, nta munywanyi n’umwe wo muri SAHWANYA FRODEBU NYAKURI yari muri iyo nama. Abakuru b’imigambwe bose bo mu ntara baraye banditse ikete biyamiriza iyo ngendo. »

Ku bijanye n’ibiganiro bigiye guhuza Abarundi hanze y’igihugu c’Uburundi, Kephas NIBIZI umukuru mushasha wa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI avuga ko ashigikiye ibiganiro bitunganirijwe mu Burundi, bihagarikiwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro. Ku bwiwe, ibiganiro vy’i Arusha ni ivyoza kuvuguruza ugushaka kw’Abarundi, akavuga ko abanyeporitike b’Abarundi bakwiye kuza barubahiriza ivyavuye mu matora, akanegura abashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.