Abasirikare babiri b’intwazangabo baburiwe irengero

0

Lieutenant Nkengurutse Claude hamwe na Lieutenant Gahimbare Révérien baburiwe irengero kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2016. Lieutenant Claude Nkengurutse yafashwe n’abantu batamenyekanye, na Lieutenant Nkengurutse nyene akaba yafashwe n’abantu batamenyekanye, akaba yari akiri umunyeshure mw’ishure kaminuza rya gisirikare (ISCAM).

N’aho mu giporisi bataravyemeza, amakuru ikinyamakuru UBM News gifise avuga ko Lieutenant Nkengurutse yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura, akaba ari umwishwa wa Major Ndikumwenayo Vital asanzwe apfungiwe mw’ibohero rya Rumonge, kuva mu kwezi kwa Kigarama 2015, yagirizwa ko ari mu bateguye ibitero vyakozwe ku makambi y’igisirikare mw’ijoro ryo kuwa 11 Kigarama 2015.

defi

Ku bijanye na Lieutenant Gahimbare Révérien, umuryango wiwe nturamenya aho apfungiwe, mbere na terefone ngendanwa yiwe ikaba idacamwo.

Imiryango y’izo ntwazangabo zibiri iratewe amakenga y’umutekano w’abo basirikare, igasaba ko bokingirwa, namba hari ico bagirizwa bagashikirizwa ubutungane.