Abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi bahawe umubonano

0

Abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi batatu babonanye n’umuhuza mukuru mu bibazo vya poritike vy’Abarundi, Yoweri Kaguta Museveni. Abo bahoze barongoye Uburundi baganiriye ingene ibiganiro vyosubira gutangura vuba kandi bikagenda neza.

Abo babonanye n’umuhuza Yoweri kaguta Musseveni ni Major Petero BUYOYA, Domitien NDAYIZEYE, hamwe na Sylvestre NTIBANTUNGANYA.

mu1

Inyuma y’uwo mubonano, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yamenyesheje ko bikwiye ko ivyo biganiro vyohuza abaserukira Reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abo mu mashirahamwe yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

mu2

Umuhuza Yoweri Kaguta Museveni akaba atababwiye isango ivyo biganiro bigiye gusubira kuberako.

mu3