Abaserukiye CNARED batumye Reta y’Uburundi yanka ko ibiganiro bitangura

0

Abaserukiye Reta y’Uburundi hamwe n’umugambwe CNDD FDD mu biganiro vyari bitegekanijwe gutangura i Arusha kuri uwu wa kabiri banse kwicarana mu biganiro n’abaserukiye urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA. Abo baserukiye Reta bavuga ko badashobora kwicarana n’abo yagiriza ko bashatse gutembagaza ubutegetsi.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko abaserukiye Reta y’Uburundi batangajwe n’ukubona umuhuza yatumiye abantu baronderwa n’ubutungane.

ot

Abaserukiye Reta y’Uburundi bakaba basaba ko abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bari muri ivyo biganiro bohagarikwa.

Kubera ukwo kutumvikana, umuhuza Benjamin William Mkapa ntiyabaye agishikiriza ijambo ry’ugutanguza ivyo biganiro, akaba ahubwo yabwiye abavyitavye ko bishizwe mu mirwi, kugira yumvirize impande zose ukwazo.

Pacifique NININAHAZWE, umwe mubagize uruhara rukomeye mu kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, yamenyesheje ko hageze ko umuhuza yerekana ko yigenga, ahitemwo ibiganiro bihuza bose, canke ibiganiro bihuza abayoboka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA gusa.

paci

Abari i Arusha batumye Reta y’Uburundi yanka ko ivyo biganiro bitangura Pacifique NININAHAZWE, Yohani MINANI, Armel NIYONGERE, Gervais RUFYIKIRI, Leonard NYANGOMA, Pancrace CIMPAYE, Anicet NIYONKURU hamwe n’abaserukiye CNDD FDD iyoboka Hussein Radjabu, bose bakaba bari mu nzu y’amanama i Arusha, ahategekanijwe kubera ibiganiro bihuza Abarundi.

fik