Ugukumbura igihugu hamwe nukutaboneka mu biteramo mu gihugu ciwe ni bimwe muvyo Ashley Diva akumbuye

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Girukwishaka Aicetou Carmelle abenshi bazi kw’izina rya Ashley Diva aramenyesha ko afise inyota yo gusubira kubona abakunzi biwe kandi ko akumbuye cane igihugu ciwe c’amavukiro
diva

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Ashley Diva akaba yashoboye kumenyesha ko akumbuye cane igihugu ciwe, akumbuye cane gusubira guhurira mu biteramo ateramisha abakunzi biwe nkuko yama yabikoze ari mu gihugu ciwe c’amavukiro,
Tumubajije ni ryari azotaha agaruke mu gihugu ciwe,Ashley akaba yatumenyesheje ko ari vuba ariko atazi umunsi kuko afise ibikorwa ariko arakorera muri ico gihugu ca kenya

Tworangiza tubamenyesha ko Ashley Diva akwije amezi 3 agiye muri ico gihugu ca kenya