UBM News ads

Abaserukira uburundi mu bindi bihugu ntibanezwe amagorwa y’abana b’uburundi bari gucamwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abaserukira uburundi mu bindi bihugu ntibanezwe amagorwa abana b’uburundi barico baracamwo hanze y’uburundi kiretse kwirira umushahara gusa.

Evelyne Butoyi aserukira uburundi muri zambia ntibasiba kumutabaza akicecekera mu gihe abarundi bariyo bicwa izuba riva.

Umuntu yokwibaza ukuntu bishika abaserukira ubarundi mu bindi bihugu bakunzwe kurangwa n’agacerere ntibaserukire koko abana b’uburundi mu gihe baba bari guhangayika no kurondera ubuzima mu bindi bihugu ariko ugasanga bariko baricwa batagira ikibavugira.

Iyi ndwi turimwo abarundi 2 barishwe mu gihugu ca zambia ariko ikibabaje nuko uwuserukira uburundi muri ico gihugu ataco akora canke ngo afashe kugira abarundi aserukira bakingirwe.

Nivy’ukuri abarundi benshi bari zambia ntavyangombwa bagira,bamwe vyarabaheranye abandi bibereyeho uko kubera ariko sico cotuma bakubagurwa abandi bakicwa izuba riva.

Umuserukizi w’uburundi muri zambia Evelyne Butoyi arakwiye kuva mu gacerere akagira ico akoze kugira abarundi ivyangombwa vyaheze bakaronka uko bataha kurondera ibindi,abatabifise nabo bagakingirwa haba kwiga uko bafashwa ariko badakubaguwe.

Iki gihugu hama hibonekeje abarundi bagirirwa nabi kenshi ariko bakabura uwubavugira kandi uburundi bufise uwubuserukira muri ico gihugu.

Si Zambia gusa,urwaruka rujanwa Dubai narwo ntirworoherwa,Afrika y’epfo na Tanzaniya nuko nyene.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire arakwiye kuva mugacerere agakwirikirana kino kibazo kuko kirakomeye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments