UBM News ads

Prezida Paul kagame asigaye avuga rikijana mu karere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Paul kagame asigaye avuga rikijana mu karere k’ibiyaga binini:ya nama yihuta yatumweko n’Amerika yarangiye ari amajambo gusa uretse ko Amb.Martin Ngoga w’urwanda yifatiye mu gahanga abagize inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano.

Paul kagame asigaye ari igikoresho gikomeye c’abazungu mu karere kose avuga rikijana.Tshisekedi aranyazwe igihugu atacamira amakungu arorera,nta bufasha afise,bene guhamagaza amanama bashigikiye Paul kagame.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 22 myandagaro 2025,inama nkuru ya ONU yarakoranye itumweko n’Amerika ku musi wa 4 igenekerezo rya 21 myandagaro 2025 kugira barabe icokorwa cihuta mu buseruko bwa Kongo.

Amerika yatumyeko inama yihuta yisunze ivyari vyashizwe mu ma raporo y’amashirahamwe mpuzamakungu nka Human Rights watch na Amnesty international kuma mabi abandanya gukorwa mu buseruko bwa Kongo bikozwe n’ihuriro AFC/M23 hamwe n’urwaruka rwa wazalendo rushigikiye ubutegetsi bwa Kinshasa.

Muri iyo nama ibihugu nka Amerika na France,uburusiya n’ubushinwa vyagerageje guhamagarira impande zishamiranye guhagarika intambara hakubahirizwa amasezerano yasinyweko n’urwanda na Rdc ahagarariwe n’Amerika.

Uretse amajambo gusa ntakindi cahavugiwe.biratangaje ko Amerika yari kugira ivyo ikoze bishasha na rirya isanzwe ari umuganzi mwiza w’ubutegetsi bwa prezida Paul Kagame.

Ico bikoze Amb.Martin Ngoga aserukira urwanda muri ONU yamiriye kure ibivurwa n’amashirahamwe Human rights watch na Amnesty international vyegeka urwanda kumabi abera mu biseruko bwa kongo aho Ingabo z’urwanda zikorana na M23.

Martin Ngoga akaba yasavye abagize inama nkuru ya ONU kutagira kuma raporo y’ibinyoma y’ayo mashirahamwe.

Urwanda kugeza uyu musi biraboneka ko ivyo ruri gukora muri kongo amakungu abirabisha amaso gusa ibituma Paul kagame agira igihagararo mu karere,ibizotuma mbere aba igikoresho gikomeye c’abazungu mu karere kandi vyaratanguye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments