UBM News ads

Congo:Joseph kabila asabwa kuriha imiliyaridi 46 z’ama dorali,n’amahera yose afise mu banki agafatwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuriha imiliyari 46 z’amadorari no gufatirwa amahera yose ari mu banki nivyo bihano vyasabiwe Joseph kabila yatwaye kongo guhera 2001-2019.

Yahamijwe ivyaha vyo kwica,kwiba,ibitero,ihohotera rya kiremwa muntu,gufata kunguvu abigeme n’abakenyezi ivyaha yagirijwe vyakozwe n’umuhari m23 asanzwe ashigikiye.

Muri sentare nkuru ya gisirikare I Kinshasa,Joseph kabila yahoze atwara RDC yaraye asabiwe kuriha indishi y’akababaro ingana n’a miliari 25 z’ama dorari y’amerika n’abashingwamanza baserukiye leta ya Kinshasa.

Abaserukiye abanyagihugu nabo bo muri Ituri,sud kivu na nord kivu basavye ko yoriha miliari 21 z’amadorari y’amerika hamwe no kugafirwa amafranga yose afise ku mabanki yose.

Abashingwamanza bakaba kandi basavye ko yokwagirizwa icaha c’ububeshi(Escroquerie)ivyo bamwagiriza ko afise ari umunyarwanda ariko agakoresha ivyangombwa vya RDC.

Joseph kabila yatwaye kongo guhera 2001-2019 akaba yahamijwe ivyaha vyo kwiba,kwica,gufata kunguvu abigeme n’abakenyezi,guhohotera kiremwa muntu n’ibindi.

Ibi vyaha vyose bikaba bikorwa n’umuhari m23 asanzwe ashigikiye.

Uyu musi wa gatanu akaba ariho procureur mukuru wa sentare ya gisirikare aza gutangaza ivyo ivyo Joseph kabila yasabiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments