Abarwanyi ba FOREBU biyamiriza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bageze i Uvira

0

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo amenyesha ko kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016, hibonekeza mu misozi ya Bijombo, abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ururimi rw’ikirundi. Amakuru ava aho i Uvira avuga ko abo bitwaje ibirwanisho ari abarwanyi b’umuhari FOREBU barwanya ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Ayo makuru nyene avuga ko abo barwanyi bamaze iminsi binjiza abandi bashasha aho i Uvira, abo binjizwa bakaba bagizwe n’urwaruka rw’Abarundi hamwe n’abanyekongo bari mw’ikambi ya Lusenda.

tura

Abo bitwaje inkoho bivugwa ko bashitse aho i Uvira ku munsi wa kane igenekerezo rya 21 Mukakaro, bakaba baboneka cane cane mu birwati vya Chanzovu, Kagogo hamwe na Kateja, mu misozi ya Uvira, nk’uko vyemezwa na Général Bwange Safari, intwazangabo itwara akarere ka SOKOLA ya kabiri.

Iyo ntwazangabo ivuga ko baheruka gufata imisore itandatu yagira yinjizwe muri uwo murwi w’abarwanyi bahurikiye muri FOREBU (Force Républicaine Burundaise), umuhari uheruka kumenyesha ko wiyemeje kurwanya ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, ukoresheje umuheto.

Général Bwange Safari amenyesha ko abo barwanyi ba FOREBU baheruka kandi gutera ikirindiro c’abasirikare ba Congo kiri mu kirwati ca Madjaga, bakaba bariko barondera kwiba ibirwanisho, nk’uko amakuru dufise abivuga.