Rumonge : Abanyeshure batandatu bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barekuwe

0

Abanyeshure batandatu bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha barekuwe. Batanu muribo barekuwe babanje gutangishwa amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi.

Kiretse umwe gusa muribo yarekuwe ataco arinze gusabwa, abandi batanu batangishijwe umwe wese amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi, bakaba babwiwe ko ari ayo gusubiriza ivyo bitabu vy’ishure vyasibanganijwe.

gri

Ishirahamwe FENADEB (Fédération Nationale des Associations engagées dans le Domaine de l’Enfance au Burundi) rirashima irekurwa ry’abo banyeshure, ariko rigasaba ko n’abandi baharurwa muri cumi n’umwe bapfungiwe i Muramvya hamwe no mu Cankuzo borekurwa.

Tubamenyeshe ko inama nshingamateka y’Uburundi yasabiye ikigongwe abanyeshure bo mu mihingo itandukanye bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Abo bashingamateka bavuga kandi ko kubagirizwa icaha kimwe, ibihano vyatanzwe bitandukanye.

Umugwi wamaho mu nama shingamateka y’Uburundi, ujejwe ibibazo vy’indero washikirije kuri uwu wa kane icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza wakoze, ku banyeshure bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu.
Uwo mugwi uvuga ko mu matohoza wakoze, wasanze ata na kimwe cerekana neza ko abo banyeshure bo mu myaka y’umunani n’icenda aribo vy’ukuri basibanganije iyo sanamu.

Abashingamateka bose bafashe ijambo bahurije ku kigongwe cohabwa abo banyeshure bariko barakurikiranwa n’ubutungane, abamaze guciribwa imanza bapfunzwe nabo bakarekurwa.

N’aho hari bamwe muri abo banyeshure bamaze guciribwa imanza z’umunyororo, bitegekanijwe ko inama nshingamateka itumako umushikiranganji w’inyigisho mu mashure yisumbuye, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, kugira babashikirize ivyasabwe n’abashingamateka.