Best Life Music ugiye gushira ahabona indirimbo nshasha yitwa ”Nana”

0

Umugwi Beste Life Music uhurikiyemwo imisore 4 aribo Young Dany,Young Jp ,G kiboko hamwe na Mc vita bagiye gushira ahabona indirimbo yabo nshasha yitwa ”Nana” nkuko amakuru dukesha abo baririmvyi abivuga
Nana by best life
Mu kiganiro ikinyamakuru cacu ubmnews cagiranye nabahurikiye muri uyo mugwi kuri uyu w’Imana aho twabasanze mu giteramo cari catunganijwe kugira bibuke umuririmvyi yahora ari mu mugwi wa peace and love Bosco aherutse kwitaba Imana,abaririmvyi ba Best Life Music baratubwiye ko bagiye gushira ahabona indirimbo nshasha muri ino ndwi,indirimbo izoba ije gusubirira indirimbo ”Ma Lova”

Tworangiza tubamenyesha ko iyo ndirimbo bazoyishira ahabona ku munsi wa gatanu kandi ko ikinyamakuru cacu arico kizoba ica mbere kuyironka