Abarundi bari mu buhungiro bagiye gufashwa n’ubumwe bwa Buraya

0

Ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya ryashikirije amafaranga angana n’imiriyoni 12.2 z’amafaranga y’amanyaburaya agenewe gufasha impunzi ziri mu makambi y’impunzi z’abarundi atandukanye.

Nk’uko itangazo ry’uwo muryango ribivuga, ayo mafaranga aje yiyongera ku zindi miriyoni 10 z’amafaranga y’amanyaburaya iryo shirahamwe ryari rimaze gutanga.

Christos Stylianides, ajejwe imfashanyo no gutora umuti w’amatati mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya, yamenyesheje ko iryo shirahamwe ryiyemeje gufasha Abarundi mu bibazo bitandukanye barimwo.

refu

Yibukije ko ica kane c’umuriyoni w’abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi, ivyo bihugu bikaba bitera birengegwa nico kibazo. Iyo mfashanyo ikaba izoba ije gufasha ivyo bihugu bisanzwe bicumbikiye izo mpunzi, aho mukamenya k Tanzaniya arico gihugu cakiriye impunzi nyinshi z’Abarundi, aho mw’ikambi imwe gusa rya Nyarugusu hari abagera ku 140.000 vy’impunzi z’Abarundi.

Naho bagerageje kwongerereza amakambi yo kwakira izo mpunzi, nkaho bita i Mtendeli na Nduta, haracari vyinshi vyo gukora murayo makambi y’impunzi.

Christos Stylianides avuga ko izo mpunzi zishobora kubangamigwa n’indwara z’ivyaduka hamwe n’imigera itandukanye ari hamwe atagikozwe.

Kuva mu kwezi kwa gatanu kwo mu mwaka uheze, Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya rikaba rimaze gutanga amafaranga agera ku miliyoni 36.2 z’amafaranga y’iburaya.