Petero NKURUNZIZA yagabishije abahungabanya umutekano muri komine Mugamba : Amajwi yiwe

0

Mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije abanyagihugu bo muri komine Mugamba, intara ya Bururi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’iminsi cumi n’itanu kugira abantu badurumbanya umutekano muri komine ya Mugamba babe bishikanye kandi basubije ibirwanisho.

Mu gihe ico kiringo catanzwe cohera abo bantu batarishikana, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko hazokoreshwa uburyo bwose bushoboka kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri iyo ntara ya Bururi, cane cane muri komine Mugamba, ahabandanya kwibonekeza ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ubwicanyi.

Amajwi y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA