Hagati ya Stikk na Snow Cay harangwa ukutumvikana

0

Ukutumvikana,uguterana amajambo niko kuharangwa hagati y’abaririmvyi babiri bari basanzwe basangiye umugwi,abo nabo ni Snow Cay hamwe na Stikk bari basangiye umugwi wa over do team
stikk na snow
Uko kwumvikana kukaba kuje nyuma yaho uyo muririmvyi snow cay yanditse ku rubuga ngurukana bumenyi ko stikk atakiri mu mugwi over do team,stikk nawe adatevye akaca yandika avuga yuko atakibarizwa mu mugwi over do team ahubwo agiye kwikorana ukwiwe,kandi yicuza cane kubona yaragiriye icizere snow cay kuko ngo yahavuye amenya ko atari umuntu mwiza cane
Uko guterana amajambo kukaba kutagarukiye kurabo baririmvyi babiri gusa ahubwo nabakunzi babo bakaba baciye batangura guterana amajambo aho biboneka ko umwe wese ashigikira uwo yarasanzwe akunda

Ikinyamakuru ubmnews kiaba kibemereye ko kigiye kubaronderera abo baririmvyi uko ari babiri kugira bagire ico bavuze kuri uko kutumvikana kuri hagati yabo