Umunyagihugu wese ava mu bihugu bigize EAC yemerewe gukorera imirimo yiwe muri kenya ataco asabwe nkuko bishikirizwa n’umunyamabanga mukuru wa leta ya Kenya Musalia Mudavadi.

Leta ya kenya yakuyeho inzitizi kubanyagihugu baturuka mu bihugu bigize EAC aho ubu bemerewe gukorera imirimo yabo muri kenya ataco basabwe.
Nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa Leta ya Kenya Mudavadi Musalia mw’itangazo ryo kuwa 17 kigarama 2024,hari umurwi mushasha bise R bivuga ko umunyagihugu wese aturutse mu bihugu bigize EAC yemerewe gukorera muri kenya ataco asabwe.
Muri iryo tangazo,umunyagihugu avuye mu bihugu bigize EAC afatwa nk’umunyagihugu wa Kenya mu budandaji,mu kazii ka Leta,abikorera ivyabo n’ubuzi bundi bwose yemerewe kubukora ataco asabwe.
Ibi bikaba bije gukomeza ubumwe n’ubucuti mu bihugu bigize umuryango wa Afrika Y’ubuseruko.





Recent Comments