Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko binezereje kubona abari barahunze igihugu bariko baratahuka mu gihugu c’amavukiro.
N’inyuma yaho Gervais Rufyikiri agarutse mu Burundi inyuma y’imyaka 9 ari mu buhungiro mu Bubiligi.

Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye yakiriye uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba n’umukuru w’inama nkenguzamateka inyuma y’imyaka 9 ari mubuhungiro mu gihugu c’ububiligi.
Gervais Rufyikiri yabaye icegera c’umukuru w’igihugu petero Nkurunziza kuva 2010-2020 hama aba umukuru w’inama nkenguzamateka mu mwaka wa 2005-2010.
Prezida Evariste Ndayishimiye abicishije kurubuga rwiwe rwa X(twitter) yavuze ko binezereje kubona Bene Burundi bashishikara gutahuka mu gihugu c’amavukiro mumwidegemvyo ntangere.





Recent Comments