UBM News ads

Abantu bari guta akazi ngo bagiye mu mahanga nta bwenge bafise-Gelase Ndabirabe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka GĂ©lase Ndabirabe yababajwe cane n’abarundi bari guta ubuzi ngo bagiye mu mahanga iyo birirwa bakuka amase igitondo cose,gusatura inkwi,gutema ibiti no kwikorera imizigo y’ibiro 100 kurutugu ugasanga igikiriza caravyimvye kumbe ari imizigo gusa yikorera.

Gelase Ndabirabe ati:”birababaje kubona umuganga,DG,agaya amushahara ngo agiye Canada,France kuba umucakara gusa.abo nta bwenge bafise.”

Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe yaraye ababajwe cane n’abarundi bari guhunga igihugu bagata akazi ngo baroye mu mahanga aho yabagereranije n’abakehamutwe.ibi yabivuye mu nama nshingamateka ku musi w’ejo.

Gelase Ndabirabe yemeza ko abo bose bagenda mu bihugu vyohanze usanga bari mubikorwa vy’ubucakara ,vy’ubuja.

Ndabirabe yagize ati:”Usanga birirwa bikorera amase igitondo bukira,basatura inkwi,batema ibiti bakikorera n’imizigo y’ibiro 100 kurutugu ugasanga baravyibushe ibikiriza ukibaza ko ari sport bakora kumbe ari imizigo yirirwa ibavunagura”.

Uwo arongoye inama nshingamateka yasavye nimba hari abashingamateka bipfuza kugenda nabo kugenda kuko ataco bazoba bamariye igihugu.

Gelase agira ati:”ibaze umuntu aheba akazi mu nama nshingamateka ngo agiye hanze,Umuganga,DG ngo bagiye hanzekubera agashahara ari gato,abo ntibakwije mu mutwe.”

Gelase Ndabirabe abona ko abarundi bari bakwiye gukunda igihugu cabo c’uburundi kuko ivyo bihugu bajamwo hari ababiruhiye.kugenda muri ivyo bihuhu ni gucurwa bufuni na Buhoro.

Ibi abishikirije mu gihe hamaze imisi hibonekeza abarundi bari guta ubuzi bwa Leta bakagenda mu mahanga kuronderayo ubuzima aho vyagaragaye ni muri kaminuza y’uburundi basanze abarenga 100 bamaze guta ubuzi bwabo.

Impamvu y’ibi vyose n’inkirikizi y’ubuzima buguma buzimba,ibiciro bikaduga ariko amafranga umuntu ahembwa ntahinduke akaguma ari yayandi nyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments