Abantu batatu bagirizwa urupfu rwa Hafsa Mossi bafashwe

0

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bafashe abantu biyemerera ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi yahora aserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko. Abo bantu bafashwe bavuga ko bahora bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, bakiyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kane, riteweko umukono n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE, igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.

ciny

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu batatu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.

Umushingamateka Hafsa Mossi yagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016.