Amasanamu y’indirimbo Africa ya Ashley Diva yerekanwe kuri Border Tv muri Kenya

0

Nyuma yaho amasanamu y’indirimbo Africa ya Ashley Diva yerekaniwe ku mboneshakure yo mu gihugu ca Nigeria,ubu naho ayo masanamu yaraye yerekanwe ku mboneshakure Border Tv yo mu gihugu ca Kenya nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha bamwe mu bamenyeshamakuru bo mu gihugu ca kenya
ashley diva
Nyuma rero yaho ayo masanamu yerekaniwe kuriyo mboneshakure,abantu batandukanye bakaba barashimye aho bavuze ko umuziki w’uburundi uriko urashika kure mu gihe abandi batabishimye aho bavuga yuko ayo masanamu atigeze aca kuri iyo mboneshakure bakavuga ko ari ubuntu umuhinyanyuzi yitwa Kent P yikorera kugira ngo yereke abantu ko asanzwe ari umuhinyanyuzi akomeye cane, ko amasanamu yose akora ategerezwa guca ku mboneshakure mpuzamakungu

Ikibazo ikinyamakuru cacu ubmnews cibaza,mbega nuko vyari bikwiye kugenda?
mbega umuziki w’uburundi uzotera imbere ryari mu gihe abaririmvyi b’abarundi batemerana muribo?
Ayo masanamu y’iyo ndirimbo yarabe hano: