Bubanza : Umwe mu bajejwe intwaro yatawe muri yompi

0

Théodore Nsengiyumva, umwe mu batowe ku musozi Buringa, komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza apfungiwe mu gasho k’igiporisi i Bubanza.

Yafatiwe hamwe na Gérard Nsabimana asanzwe ari umuvugabutumwa (Pasteur), bompi bakagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu, mbere mu giporisi bakavuga ko bafatanwe uturadiyo abajejwe umutekano bakoresha mu guhanahana amakuru, utwo benshi bazi kw’izina rya Motorola.

Abanyagihugu babonye ihagarikwa ry’abo bantu babiri bavuga ko bafashwe n’abaporisi basanzwe bafise urutonde rw’amazina y’abantu baronderwa, abo banyagihugu bakavuga ko rishobora kuba ari irementanya ryateguwe.