Abakozi 3 ba PARCEM Bafungiwe Mw’Ibohero Rikuru I Bujumbura.

0

Abakozi batatu b’Ishirahamwe ryishinze gukangurira abanyagihugu ku bikorwa,PARCEM(Paroles et Actions pour le Réveil des Consciences et Mentalités) bahagaritswe ku matariki ya 13 na 17 Ruheshi barazanywe kuva mu ntara ya Muramvya mw’ibohero rikuru rya Bujumbura ejo ku musi wa kabiri itariki 28 Ruheshi 2017 inyuma yo kwumvirizwa ku mugaragaro n’umucamanza muri Commune Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Ibi bikaba bishitse inyuma y’imisi irenga indwi bari mu mabohero atandukanye y’igendereza ry’Uburundi(SNR).

Pierre Nkuikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi aremeza ayo makuru: “Aimé Gatore, umwigisha yigisha kwishure ryisumbuye muri Commune Mbuye y’intara ya Muramvya mu gihugu hagati, hamwe na Marius Nizigama, ava nawe muri iyo commune ya Mbuye, bahagaritswe itariki 13 za Ruheshi. Bafashwe bariko barandika abantu. Bari bafise inkaratasi bandikako amajambo yo kugabisha abantu ngo ‘muragabe’”.

Pierre Nkurikiye, Umuvugizi w’Igipolisi c’Uburundi.

Nkurikiye abandanya ati: “Igihe babazwa igituma bariko baragabisha abanyagihugu, bishuye ko bari batumwe nuwitwa Emmanuel Nshimirimana, umwigisha yigisha kwishure ryisumbuye ry’I Muramvya. Uyo Emmanuel nawe akaba yaciye ahagarikwa itariki 17 Ruheshi 2017 nawe aca ajanwa mu biro vy’igendereza I Bujumbura maze asangaye bagenziqwe babiri kugira bakorweko amatohoza”.

Amakuru yari amaze gushika mu gipolisi c’Uburundi ngo akaba amenyesha ko abo bantu batatu boba bariko barashiraho umurwi w’abantu bajejwe kuza baramenyesha ivyo babona bitagenda neza yamara bamaze gushika ku rubuga ngo ntibaheza bakore nk’uko batumwe.

Maze batangura kwandika urwaruka canecane ruri mu migambwe itavuga rumwe na Leta ariko n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi ngo rukaba rutashirwamwo, ayo majambo y’ukugabisha yari yanditswe kuri izo nkaratasi bakoresha ngo igipolisi kikaba cahavuye kimenya ko iryo shirahamwe bavuga ko ryabatumye ritari riyazi.