Amashirahamwe Aharanira Agateka Ka Zina Muntu Mu Burundi Arasaba CPI Gutangura Amatohoza Bwite.

0

Mwitangazo ryasohowe ku musi wa mbere itariki 26 Ruheshi 2017 ku musi mpuzamakungu wahariwe kugwanya agahohotero, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ashika kuri 10 arashima amatohoza ya ONU yakozwe ku Burundi maze agaca asaba Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI(Cour Penale Internationale) gutangura amatohoza bwite maze abakoze amabi bashengezwe mu Butungane.

Ayo mashirahamwe ariyamiriza ibikorwa vyo guhohotera vyakorewe abakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza « ikiringo ca gatatu » ca Pierre Nkurunziza hamwe nuwundi muntu wese abonwa ko adashigikiye ubutegetsi bw’i Bujumbura kuva muri Ndamukiza 2015.

Ayo mashirahamwe akamenyesha ko « uburyo bwo gusinzikariza ubuzima bw’umuntu bukorwa n’abakora ayo mabi ari ugushira ikintu kiremereye ku matengatwa( Testicules) y’abagabo, kubafyonda intoki hamwe n’amano hakoreshejwe pinces, guhata uwafashwe ko yokwicara kuri Acide, ku kiyo camenetse canke ku misumari), kubatuka hamwe no kubabwira amajambo abatesha urupfasoni, harimwo nayashingiye ku bwoko, kumanika umuntu kuri plafond umutwe uraba hasi,hamwe no gufata ku nguvu umuvyeyi abana biwe babona ».

Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi aravuga ko ashigikiye cane abahohotewe hamwe n’imiryango yabo, kandi akiyemeza yivuye inyuma kubafasha kugira batunganirizwe n’Ubutungane. Ayo mashirahamwe akaba asaba abo bose bahohotewe batarashikana ibirego vyabo ko bobinyarutsa maze bigashikanwa muri Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu mu maguru masha.

Ayo mashiramawe nayo akaba ari ACAT Burundi, APRODH, FOCODE, FORSC, Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ, Ligue Iteka, CAVIB na SOS-Torture Burundi. Leta y’uburundi yaramaze kugaragaza icipfuzo co kuva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI kugira yiyamirize ivyegeranyo ku vyerekeye agateka ka zina muntu vy’Abahinga ba ONU bakora ku Burundi, ivyegeranyo biza bidashimisha Leta y’Uburundi.