Michel Kafando Yakoze Urugendo Rwa Mbere Mu Burundi Mu Ntumbero Yo Gutangura Kunagura Ibiganiro.

0

Michel Kafando,uwahoze atwara intwaro mfatakibanza muri Burkina Faso(igihugu giheruka guca mu magume nkayo Uburundi buriko buracamwo,yakoze urugendo rwiwe rwa mbere mu Burundi,inyuma yo kugenwa kuba Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi.

Iyo Ntumwa nshasha idasanzwe ya ONU mu Burundi,Michel Kafando,yashitse i Bujumbura ejo ku musi wa kabiri ku bwurugendo rwo “kuraba uko ibintu vyifashe mu vy’imigenderanire”, muri urwo rugendo rwiwe bikaba bitegekanijwe ko azobonana n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Isoko ry’inkuru riva muri ONU ryamenyesheje AFP(Agence Française de Presse) ko ari “urugendo rwo kwihweza uko ibintu vyifashe muvy’imigenderanire(Visite protocolaire),kuko iyo ntumwa nshasha ya ONU igiye mu Burundi kugira ibonane na Pierre Nkurunziza aribwo bwa mbere“,nkuko vyatangajwe na VOA Afrique.

Michel Kafando,Intumwa Idasanzwe Nshasha ya ONU mu Burundi.

Urwo rugendo rwiwe rukaba rwatanguye gutangazwa nibimenyeshakuru ejo ku musi wa kabiri,bivuga ko Willy Nyamitwe ajejwe gutangaza amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yemeza ivy’urwo rugendo.

Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru w’Uburundi atashatse kuvuga izina ryiwe yabwiye AFP ko “Michel Kafando ategerezwa kubonana n’Umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu,Alain Aimé Nyamitwe uyu musi wa gatatu,imbere yuko abonana n’Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ejo ku musi wa kane mu gitondo bidahindutse”.

Intumwa nshasha ya ONU mu Burundi itegerezwa kuja mu gihugu ca Tanzania kuva ejo ku musi wa kane kugira abonane n’Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi,Benjamin Mkapa.

Michel Kafando akaba azogenda kandi mu gihugu c’Ubuganda aho azobonana n’Umuhuza mu Biganiro bihuza Abarundi,Yoweri Kaguta Museveni,hama arangirize urugendo rwiwe ku cicaro gikuru c’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Ethiopie,nkuko amakuru ava muri ONU abandanya abimenyesha.

Ayo makuru nyene abandanya atangaza ati: “Urugendo rw’intumwa nshasha ya ONU ni ukubonana n’abegwa nikibazo c’Uburundi imbere yuko atangura ikibazo nyaco co gutorera umuti ingorane zihanze Uburundi mu ndwi ikurikira ari kumwe n’umugwi bazoba bafadikanije urugendo,maze bakazotangurira kwishikira i Bujumbura,muri urwo rugendo akaba afise intumbero yo kuzobonana n’abo bose begwa n’ikibazo c’Uburundi”.

Intumbero yiwe niyo kuraba uko yofasha mu kuvyura ibiganiro bihuza abarundi,ubu biboneka ko bisa n’ivyapfuye’ kubera kubura ugushaka ku mpande zose zegwa nivyo biganiro mu Burundi

Michel Kafando akaba yagenywe kuba Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi kugira asubirire Jamal Benomar yari mwayo mabanga kuva muri Munyonyo 2015.Jamal Benomar akaba atavugwa neza na Leta y’Uburundi,imwagiriza guhengama,maze akaba yasabiwe gutanga imihoho.

None Michel Kafando nawe agiye kuvyifatamwo gute mu guhuza impande zibiri vyanse ko zicara hamwe kugira hatorwe umuti uramba ku bibazo Uburundi burimwo?Mbe yoba azoja hagati na hagati,ntagire aho ahengamiye?Uko biri kwose arafise igikorwa kitoroshe kimuraririye.Tuzobandanya tubaha amakuru yuko ariko akorana na Leta y’Uburundi hamwe n’Abatavuga rumwe na Leta kugira hatorwe umuti urama.