Abakandida 10 nibo biteguriye guhiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu

0

Gushika ejo ku musi wa kane itariki 5 niho ikiringo cari catanzwe na CENI kugira abitoza bose mu kibanza c’umukuru w’igihugu babe bashikanye ibibaranag muri CENI.

Abaza imbere muri abo cumi hariho Evariste Ndayishimiye(CNDD-FDD), Agathon Rwasa(CNL). Bagakurikirwa na Leonce Ngendakumana(Sahwanya Frodebu), Domitien Ndayizeye(Kira-Burundi).

Aband bakwiza ico gitigiri ni Gaston Sindimwo(UPRONA, benshi bita UPRONA Nyakuri), Jacques Bigirimana(FNL), Valentin Kavakure(FPN-Imboneza) na Anicet Niyonkuru(CDP).

Abigenga babiri nabo aribo Francis Rohero na Dieudonne Nahimana nabo biteguriye guhangana n’ibihangange bitari bike muri ayo matora yo ku wa 20 Rusama 2020.

Mu rutonde rw’abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bashika kuri 15, maze bikaboneka ko batanu basa ‘nabasokoye’ muri ayo matora.

Bamwe mu ‘basokoye’ biraboneka ko hariho Sahwanya Frodebu(Keffa Nibizi), APDR(Fidelite Nibigira), Kassim Abdul-UPD Zigamibanga, hamwe n’abigenga nka Ildephonse Rugema na Aimable Bakundukize

Bamwe baribaza ko kumbure ukubura ingwati ya milioni 30 FBU ariyo yabitumye naho abandi atariko babibona.
Mw’ifoto yagiye ahabona yerekana ko umugambwe wa Fidelite Nibigira(APDR) batanze amafaranga y’ingwati 30 000 000 FBU ariko akaba atashikanye ivya ngombwa muri CENI. Kwoba ari ugucererwa canke guheza umwuga kwa APDR?