Aho ni mu gihe iyo hoteli yatanzwe na Leta y’Uburundi kugira yakire ingenzi zivuye mu bihugu bigeramiwe n’ingwara yakamangu yumugera wa Coronavirus. Izo nyigisho zikaba zatanzwe kur’uyu wakane kubakozi bose bakorera mur’iyo hoteli. Murizo nyigisho hakaba harimwo kwambara ibikingira amazuru n’umunwa hamwe no gupompa no gukaraba aho hose biketse iyongwara.

Iyo ni ntambwe yambere muvyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ingwara ya SIDA, Muganga Thaddée Ndikumana, aho yavuze ko intambwe yakabiri ari kutegura ivyo izo ngenzi zizofungura mur’iyo hoteli imisi 14 zizohamara baraba ko badafise uyo mugera.
Abantu bava mu bihugu nka Chine, Corée du Sud, Allemagne, Iran, Italie, France, Japon na Espagne baje n’indege nibo bazoshigwa muriyo hoteli imisi 14. Ariko abakozi barafise amakenga kumahera yahora yinjizwa niyo hoteli yatuma bahembwe kandi bagasaba kumenya ingene bazokorana n’abaganga bazoba barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Izo ngenzi zikazotangura gushikanwa muriyo hoteli kuva kur’uyu wa gatandatu. Uwubazosanga afise iyo ngwera agaca azoca ajanwa mubitaro biriko birubakwa vyo ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza. Co kimwe nuwo bazosanga agwaye bakimupima ku kibuga c’indege azoca ajanwa ku Mudubugu.





Recent Comments