Amakuru ashirwa ahabona na Radiyo Isanganiro amanysha ko bamwe bamwe batanguye gusokora canke kwivana mu matora yitezwe mu kwezi kwa Rusama 2020 y’umukuru w’igihugu.
Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye urongowe na Keffa Nibizi ukaba ubaye uwa mbere mu gusokora muri aya matora ashaka guhiganirwamwo abantu bashika kuri 15.
Keffa Nibizi akaba yamenyesheje ko iyo ngingo yo ‘gusokora’ yafashwe n’ingingo y’Inama nararibonye y’uwo mugambwe wiwe.
Keffa Nibizi arazi ko ari umukeba adasanzwe wa Sahwanya FRODEBU ya Leonce Ngendakumana, aho bigeze gushwana bapfa ibimenyteso vy’iyo migambwe yabo ‘isa n’iyivukana’ ariko idahuza.
Umugambwe mukeba wowo, Sahwanya Frodebu ya Leonce Ngendakumana yarashikirije ivya ngombwa muri CENI ku bwo kwitegurira amatora ya Rusama 2020.
Ariko FRODEBU Nyakuri yoyo(iyisanzwe iri hafi ya leta ya CNDD-FDD ntaco yari bwashikane muri CENI canke gutanga ingwati ya 30 000 000 FBU muri CENI).
Amatora ya Rusama 2020 ariko ahiganirwamwo nabantu benshi mu Burundi ugereranije n’imyaka yaheze aho wasanga ari inani n’abantu nka bangahe bahiganwa.
Abihweza ibintu barabona ko hazokwibonekeza n’abandi bashobora ‘gusokora’ muri aya matora y’umukuru w’igihuhugu ya Rusama 2020.
Abikekwa cane ni abatvuga rumwe na leta bohava biyumvira ko amatora ariko yibwa na CENI nk’uko vyabaye mu myaka yarenganye mu matora y’umukuru w’igihugu.
Abandi bikekwa ko batazohava barangiza amatora yabo maze ‘bagasokora’ ni Leonce Ngendakumana, Rwasa Agathon (CNL), Domitien Ndayizeye(Kira-Burundi), Anicet Niyonkuru(CDP).
"Le parti #FRODEBU_Nyakuri ne participera pas aux présidentielles de mai 2020." Déclaration de Kefa Nibizi président de ce parti qui dit que la décision a été prise par le conseil des sages du parti. Ce dernier dit qu'il veut mieux se préparer aux élections législatives #Burundi pic.twitter.com/kGg30x2yXu
— Isanganiro (@RadioIsanganiro) March 5, 2020
#Burundi:Le parti SAHWANYA Frodebu Nyakuri iragi rya NDADAYE retire sa candidature aux élections présidentielles de mai 2020. Kefa Nibizi Président de ce parti dit que la décision a été prise par le conseil des sages du parti.
Source:@RadioIsanganiro pic.twitter.com/KxOJVtU7Ei— Ntaconzoba (@Yactivista) March 5, 2020
Recent Comments