Abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bageze kuri 14

0

Abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora azoba ku wa 20 Rusama 2020 mu gihugu c’Uburundi bageze kuri 14. Mu bahiganwa bose bavuga ko ‘biteguriye kuyatsinda’.

Aho harimwo abigenga hamwe n’abo mu migamabwe yemewe, yaba iyitavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD, hamwe niyivuga rumwe na CNDD-FDD, benshi bavuga ko ‘iri mu kwaha kwa CNDD-FDD’.

Abatari bake bavuga ko ico gitigiri gishobora kwiyongera cane. Hari uwabajije ati ni kubera iki baguma baba benshi mu bitoza, maze yishurwa ko ari ukugira bamwe bamwe ‘buzuze ibibaranga vyiza mu vyo baciyemwo’ ivyo bita Cuuriculum Vitae(CV) mu zindi ndimi.

Bamwe baribaza ko imigambwe iri mu ‘kwaha kwa CNDD-FDD izohava yigisha abanywayi bayo gutora ‘inkona’ kugira kumbure bazogumane ‘ibiti’ basanzwe bafise muri leta ya CNDD-FDD.

Mwomenya ko uwo wese ashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu asabwa gutanga imiliyoni 30(30 000 000 FBU) agashirwa muri Banki Nkuru y’igihugu bwa Ngwati.

Dufashe kuri abo 14 babwirizwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bazoshikana amafaranga ashika ku 420 000 000 FBU.

Hari bamwe mu bigenga bariko banegurwa ko ayo mafaranga yobura afashishwa urwaruka rutagira akazi ruguma rugwira mu Burundi.

Raba urutonde rw’abashaka kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu naho vyitezwe ko baguma biyongera:

1.Agathon Rwasa-CNL
2.Evarist Ndayiahimiye-CNDD FDD
3.Kefa Nibizi-Frodebu Nyakuri
4.Fidelite Nibigira-APDR
5.Gaston Sindimwo-Uprona
6.kassim Abdul-UPD Zigamibanga
7.Jacques Bigirimana-FNL
8.Leonce Ngendakumana-Sahwanya Frodebu
9.Anicet Niyonkuru-CDP
10.Valentin Kavakure-FPN
11.Dieudonne Nahimana-Uwigenga
12.Francis Rohero-Uwigenga
13.Ildephonse Rugema-Uwigenga
14.Aimable Bakundukize-Uwigenga