King Fanatic mu giteramo mu Bubirigi

0

Nyuma yaho akoreye indirimbo n’igihangange mu muziki w’uburundi Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big farious,umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera umwuga wiwe wo kuririmba mu gihugu c’ubuholande ariwe King Fanatic aguma yizerwa n’abantu basanzwe bategura ibiteramo kugira ashobore kuja mu biteramo bitandukanye bibera mu bihugu bitandukanye vya buraya

King Fanatic akaba agiye gukora igiteramo kizobera mu gihugu c’ububirigi nkuko muvyibonera kuri iyo sanamu,hakazoba ari kw’igenekerezo rya 27 uku kwezi nyene turimwo,
King Fanatic rero akararikira abakunzi biwe bari muri ico gihugu bazoze ku bwinshi cane kuko ibintu abateguriye ngo ari ibintu biryoshe kandi umuntu wese azoba yavyitavye azoshobora kuryoherwa cane
king fanatic mu giteramo mu bubirigi
Raba hano indirimbo KIng Fanatic yakoranye na BIG fizzo:
https://www.youtube.com/watch?v=xkcIyzaKB7s&feature=youtu.be