Abahora bakora ibitero ku bajejwe umutekano babandanya kwishikana

0

Abandi bantu icenda bagizwe n’urwaruka bishikanye ku bajejwe umutekano, bakaba biyemereye ko bahora mu mirwi y’abitwaje ibirwanisho yahora ikora ibitero ku bajejwe umutekano hamwe n’abayoboke b’umugambwe CNDD FDD.

Abo bantu icenda berekanye kandi ibikoresho vya gisirikare bavuga ko bahora bakoresha, ivyo navyo bikaba bigizwe n’inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalashnikov, amagerenade icenda, ibikoresho bibiri vy’ugutumatumanako amakuru (radios Motorola), ibikono 12 vy’amasasu hamwe n’imyambaro y’igisirikare hamwe n’iy’igiporisi.

Abo bishikanye bemeza ko bahora bategera imiduga, bakongera bagakora ibitero ku bayoboka ubutegetsi. Bemeza kandi ko bari mu bateye amakambi ya gisirikare ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2016.

Inyuma y’aho ikinogo cahambwemwo abantu benshi gitowe muri karitiye ya Mutakura kw’ibarabara ry’icenda, ibisigarira vy’abantu batatu akaba arivyo vyakuwe muri ico kinogo kirekire, ariko abacerekanye bakaba bamenyesha ko cahambwemwo abantu bagera kuri mirongo itatu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaboneyeho akaryo ko kwishura ku vyagiriji vy’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryamenyesheje ko mu bitero vyabaye ku makabi ya gisirikare kw’igenekerezo rya 11 na 12 Kugarama, abajejwe umutekano bagandaguye inzirakarengane, baca bahambwa mu binogo rusangi.

reb

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko abaguye muri ivyo bitero ari abari bateye amakambi, kandi ko bahambwe mu mva zizwi, mu kanyosha hamwe no ku Mpanda.

Tubamenyeshe kandi ko kuri uwu wa kabiri iriho umurwi w’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu bajejwe agateka ka zina muntu bashika i Bujumbura, bakaba baje gutohoza ku vyagirizwa Uburundi mu bijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu. Uwo murwi uzomara iminsi umunani mu Burundi.