Abagore 8 bahora mw’ibohero rya Mpimba bagiriwe ikigongwe

0

Abanyororo bagera kuri 34 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba nibo bagiye kurekurwa kubera ingingo y’ikigongwe iheruka kumenyeshwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Mu gihe yari yagendeye iryo bohero kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji w’ubutungane Aimée-Laurentine Kanyana yamenyesheje ko abo banyororo, barimwo abagore umunani bazorekurwa kuri uwu wa mbere w’indwi buca dutangura.
Abandi banyororo b’abagore bagera kuri 60 nabo nyene bagiye kurekurwa mu yandi mabohero yo hagati mu gihugu.

twen

Abagore bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba baboneyeho akaryo ko gusaba umushikiranganji w’ubutungane ko uburyo babayeho bwosubirwamwo, bagahabwa uburaro bubereye kiremwa muntu, hamwe n’uguhabwa imfungurwa zikwiye. Abo banyororo basavye kandi ko boza barahabwa uburenganzira bw’ukuja gupfuba uwabo yitavye Imana.