Petero NKURUNZIZA yituye sentare nkuru y’i Paris

0

N’aho umukuru w’uruganda rujejwe kumenyesha amakuru mu mboneshakure France 3, Francis Letellier yasavye imbabazi ku mashusho yaciye kuri iyo mboneshakure mu kuganiro Soir 3, abashingwamanza b’umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA bitwaye muri sentare nkuru y’i Paris, bakaba basavye ko hokurikiranwa mu butungane uwo bitwariye batazi, ariko bagiriza ko yatukanye ku mugaragaro (Plainte contre X pour diffamation publique).

Ukwo kwitura ubutungane kwatewe n’amasanamu (vidéos) yerekanwe mu makuru y’imboneshakure France 3 kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2016 , akaba yerekana abantu bariko baricwa bacumitwa imbugita, bongera bacagagurwa ibice bimwe bimwe vy’umubiri harimwo n’ibihimba vy’irondoka, intoke, gukererwa amazosi, hamwe n’ugucibwa intoke.

bras

Intango ya vyose ni amasanamu yerekanwe ku Mboneshakure France 3 yerekana ubwicanyi vyavuzwe ko bwakorewe abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi, mu ntara ya Karusi, bicirwa mu kibanza cegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, usanzwe ariwo ukomokamwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Inyuma y’iminsi ibiri y’amatohoza, umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru yemeye ko habaye ikosa ku masanamu yacishijwe ku mboneshakure France 3.
Francis Letellier yavuze ko biboneka ko ayo mashusho ari aya kera, kandi ko yoba yafatiwe mu gice c’umugabane wa Afrika y’uburengero, ariko atafatiwe mu Burundi. Yasavye abakurikirana iyo Mboneshakure kubagirira imbabazi.
Imboneshakure France 3 yaciye ikura ayo masanamu ku rubuga ngurukanabumenyi rwayo, imenyesha ko habaye ukwihenda.
Twobibutsa ko ayo masanamu yerekena ubwicanyi bwoba bwabereye mu ntara ya Karuzi, intara iri hagati mu gihugu c’Uburundi. Abanyagihugu bo mu ntara ya Karusi bakaba baciye bagira urugendo bari kumwe n’indongozi mu ntwaro, biyamiriza ayo mashusho, bavuga ko acapfuza intara yabo.

N’aho vyagenze ukwo, abashingwamanza b’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bakaba bashimye kwitura ubutungane.
Umushingwamanza Arthur Vercken, umwe mu baburanira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwobibazwa ubwa mbere ari umushingwamanza w’Umubirigi Bernard Maingain, kuko ku bwiwe, Bernard MAINGAIN ariwe yatanze ayo masanamu ku mboneshakure France 3.

ain

Abaserukira Imboneshakure France 3 bamenyesheje ko ukwo kwitwara kw’ababuranira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ata kindi kugamije atari ugusamaza amakungu, kugira ivyaha bikorwa mu Burundi vyibagirwe.
Bitegekanijwe ko ubutungane bw’Ubufaransa aribwo buzosuzuma bukaraba namba ico kirego c’ababuranira Petero NKURUNZIZA cokwakirwa, gutyo urubanza rukaburanishwa.