Umushikiranganji Olivier Nduhungirehe ajejwe imigenderanire y’urwanda avuga ko urwanda rwipfuza ko umubano hagati y’urwanda n’uburundi usubira kuba mwiza ariko prezida Ndayishimiye niwe ariko adindiza ibiganiro kubera imvugo ziwe.
Olivier Nduhungirehe ati:”twari twemeranije ko imvugo zibasira ibindi bihugu bihagarara ariko Neva aguma yagiriza urwanda ngo rushaka kumutera kandi ata kuri kurimwo’.

Mu kiganiro kuri télévision y’urwanda kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 4 rusama 2025,umushikiranganji w’imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe avuga ko urwanda rwipfuza ko umubano w’urwanda n’Uburundi usubira kuba mwiza.
Ariko Olivier Nduhungirehe asanga intambamyi ari amajambo akunzwe gushikirizwa n’a Prezida Evariste Ndayishimiye aho aguma yagiriza urwanda ko rushaka kumutera kandi atakuri kurimwo.
Kubwa Olivier Nduhungirehe,imvugo nk’izi ngo zidindiza ibiganiro mu gihe kandi bari bemeranije ko imvugo zibasira ibindi bihungu zihagarikwa kugira hakomezwe ibiganiro bigamije kugarura umubano mwiza hagati y’ibi bihugu 2.
Uwo mushikiranganji asaba ko kugira umubano usubire kuba mwiza urwanda n’uburundi bobandanya gukorana ku rwego rw’umutekano na gisirikare ariko imvugo bari bemeranije zibasira ibindi bihugu zigahagarara.





Recent Comments