Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko kuva 2005 umugambwe CNDD-FDD ushika kubutegetsi ataho wagejeje igihugu ugereranije nuko igihugu bagisanze.
Faustin Ndukumana ati:” ya migambi ya CSLP 1,2,vision 2025 vyahereye he?ubu haje vision 2040-2060 ariko imyaka 20 bamaze kubutegetsi yari ikwiye kugira bahindure igihugu.”.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi ngo bashike kw’iterambere rirama,avuga ko umugambwe CNDD-FDD ataho wagejeje igihugu ugereranije nuko bagisanze.
Uwo arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko kuba 2005 bashitse kubutegetsi ubu imyaka 20 urarumanye ariko ugiye kuraba usanga atakintu bigeze bahindura kuvyo bahasanze.
Mu gihe abarundi biteguriye ibihe vy’amatora,Faustin Ndikumana ahanura abategetsi gushitsa ivyo baba bemereye abanyagihugu kuko benshi bashitse kubutegetsi bitwararika intungu zabo gusa.
Kubwa Faustin Ndikumana,Hari ibitabo vyinshi nk’umugambi wa CSLP 1,2,vision 2025 izo zose ntaho zashitse,ubu haje vision 2040-2060 ariko Faustin Ndikumana yemeza ko imyaka 20 umugambwe CNDD-FDD umaze kubutegetsi yari ikwiye kugira bahindure ibintu mu gihugu.





Recent Comments