UBM News ads

Kenya:prezida william Ruto bamuteye ikirato mu ntara ya Migori

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yaraye atewe ikirato n’umuntu atamenyekanye imbere y’abanyagihugu isinzi mu ntara ya Migori mu gihe yariko abashikiriza ijambo.

Ibi bishitse mu gihe abanyakenya isinzi batacishimiye politike ya prezida Ruto,aho bamwagiriza gusubiza igihugu inyuma,ubuzima buzimvye,iduzwa ry’amakori n’ama taxe.

Umukuru w’igihugu ca Kenya , william Ruto yaraye atewe ikirato n’umuntu atamenyekanye igihe yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu bo mu ntara ya Migori.

Ivyo bishitse mu gihe abanyekenya isinzi buzuye ishavu kubera itwara rya Ruto kuko ata kintu kiboneka amaze gukora mu myaka itatu agire akwize ari ku butegetsi.

Nkuko vyandikwa n’imboneshakure Citizen TV kenya,Prezida William ruto kumusi w’ejo igenekerezo rya 4 rusama 2025 yatewe ikirato n’umuntu atamenyekanye igihe yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu bo mu ntara ya Mugori mu Burengero bwa kenya.

Imvo za politike zikaba ariyo ntandaro nkuko bibandanya vyemezwa na Citizen TV kenya.ariko abashika 3 bikekwa bakaba bamaze gutabwa muri yompi kugira hakorwe amatohoza.

Politike ya prezida William ruto isanzwe itacishimiwe n’abanyakenya benshi kuko atakigaragara amaze gukora kiboneka usivye iduzwa ry’amakori n’ama taxe kuvyinjira mugihugu eka mbere n’ibiri indani mu gihugu,ivyatumye ubuzima butangura kuzimba muri kenya.

Hiyongerako imyiyerekano iherutse aho urwaruka rwihereza amabarabara mu kwiyamiriza iduzwa ry’amafranga kenya izokoresha 2024-2025(finance Bill 2024) kuko vyibonekeza ko ubuzima bugiye kuzimba kubanyakenya

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments