Pasteur Isidore Mbayahaga aremanze kumugaragaro ko James kabarebe arwaye ihahamuka ahubwo akwiye kuvuzwa aboshwe n’imigozi ku gitanda!
N’inyuma yaho James Kabarebe yifatiye mu gahanga Prezida Evariste Ndayishimiye akamwagiriza umugambi wo kwica abatutsi bo muri Nord kivu!

kuri uyu w’Imana urangiye igenekerezo rya 16 Ntwarante 2025,indongozi zitandukanye z’igihugu c’uburundi harimwo Prezida Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe,zaragendeye ishengero vision christ aho ikibazo c’umubano w’urwanda n’uburundi cavuzwe cane haba kuri Prezida Evariste Ndayishimiye eka mbere n’umwungere W’iryo Shengero Isidore Mbayahaga.
Prezida Evariste Ndayishimiye avuga kukibazo c’amoko cagiye kizana indyane zikomeye mu Burundi,Yemeza ko urwanda arirwo rwandukije uburundi bigatuma hatangura ibibazo vy’abahutu n’abatutsi mu gihugu bizanywe n’impunzi z’abanyarwanda zahungiye mu Burundi 1958.
Uwo arongoye Uburundi yavuze ko naho hari abafise ubwoba bw’ibivurwa ngo ingabo z’urwanda zirakomeye cane,Uburundi burarinzwe cane n’ingabo nyishi ziboneka n’izitaboneka bisaba Imana kugira ubihishurirwe.
Nayo Isidore Mbayahaga wewe yaragarutse ku majambo aheruka gushikirizwa n’umukukuruke mu gisirikare c’urwanda Gen James Kabarebe aho yagiriza Prezida Evariste Ndayishimiye gutegura umugambi wo kwica abatutsi bo muri Nord kivu.
Mbayahaga yemeza ahubwo ko James Kabarebe yoba yararwaye ihahamuka akwiye kuvuzwa aboshwe n’imigozi ku gitanda!
Abategetsi bo mu Rwanda bakunze kugaragara bagiriza prezida Evariste Ndayishimiye kuba ari umu Genocideur,Gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’urwanda no kuba agendana ingengabitekerezo ya Gonocide(Ideological Genocide).





Recent Comments