UBM News ads

Ubutare bwokijije abarundi buri gusahurwa izuba riva,Neva abuze ico gukora.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibice vyinshi vy’igihugu ubutare bwokijije abarundi buri kwibwa izuba riva, Abari kubwiba Leta irabazi,ama coperative arenga 200 ari kwimba ubutare,mu kigega ca Leta ni zéro,Ahasigaye Neva yaciye yitangaza ko atumva ingene uburundi bukenye,bukabura ifranga mvamakungu n’igitoro!

Ukazobona Leta Aho umwenegihugu yidoga,Prezida akidoga,abashingamateka uko nyene,iyo Leta iba ifise ikobazo gikomeye cane,gutera imbere s’ubu vuba!

Ku musi W’ejo Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye abonanye n’indongozi zo mu Bushikiranganji bw’amazi,amasoko ntanganguvu kugira barabire hamwe aho ikiringo c’imisi 100 bihaye kigeze!

Prezida Evariste Ndayishimiye yagaragaye yidogo ko atumva impamvu uburundi bukenye afatiye ku nzuzi ziri mugihugu,ubutare bwuzuye igihugu ariko uburundi bukabura amafranga mvamakungu yo kugura igitoro!

Uwo aramutswa igihugu yaraye avuze ijamba ritangaje aho avuga ko yazungurutse igihugu cose asanga ubutare ni rya nawe!ariko aza gusanga hariho amakoperative arenga 200 ari kwimba ubutare muga mu kigega ca Leta Ntihinjireyo na rumwe!

Umukuru w’igihugu c’uburundi asigura avuga ko hamwe bwofutwa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amasoko ntanganguvu ataco abarundi bohomba.

Agira ati:”Mu burundi dufise ama coopérative yimba ubutare arenga 200 muga mukigega c’igihugu hinjira ubusa”

Evariste Ndayishimiye avuga ati ” hamwe twofuta ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka harico abarundi bohomba?aho atanga akarorero ko n’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye bwafuswe kandi ntaco abarundi bahomvye,ngw’ivyo vyerekana ko ataco bwari bumariye abarundi.

Arongera ati” maze iminsi ntembera ndaba ibijanye n’ubutare mu gihugu,narumiwe dushobora kuvuga gute ko dukenye”?

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko uburundi bufise umurima weze uburundi butegerezwa kwikorako.akibaza avuga ati tubura iki kugira twimbure umurima weze ?

Uwo aramutswa uburundi avuga kandi ko ubwo bushikiranganji bushatse uburundi bwoshika ku mbonakazoza mu myaka itarenga 5 kuko nibwo abarundi bahanze amaso.

Hari ikintu kibabaje kigoye kwumva no gutahura ingene prezida yokwama yidoda imbere y’abenegihugu,abari kwiba ubwo butare arabazi neza muga bikanka ko abahana canke akabahagarika!

uyu musi umwenegihugu ararira,Prezida akidoga,abashingamateka bakidoga,abakenguzamateka nuko!none n’iki kizokiza Uburundi bwa Nyaburunga?

Inyishu kuco kiza igihugu uyu musi kiragoye kuko uburudi n’agahugu gato ariko kuzuyemwo ibiturire kurugezo rwohejuru,kunyonyeza amatungo ya Leta,kudahana,amatora adatunganywa neza,kudaha akazi uwushoboye n’ibindi vyinshi ni bimwe biri gutuma igihugu gisubiza amaguru inyuma!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments