UBM News ads

Amasengesho haraho ashobora kuzoshikana Uburundi ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uburundi ni Igihugu kigizwe ahanini n’Amadini rukirisu ibice hafi 98%. Kandi Abarundi vy’ukuri barakunda gusenga Imana,ibi rero vyarabaye ikiraro ku banye politique cane cane ba CNDD FDD mu gusamarizayo Abarundi! Kubera ko igice kinini c’Abarundi,ari Abantu badaciye ku ntebe y’Ishure,bisigurako abo bantu boroshe cane guhendesha ibi na biriya, Eka n’Abandi bamwe bamwe baciye ku ntebe y’Ishure barakozwe mu bwonko na CNDD FDD,kandi birumvikana pe,mugihe igihugu Kiri mu bukene n’agashomeri kadasanzwe,ni ngombwa uwuri ku Butegetsi yiyegeranirize Abatari bake kugira barabe ko boronka Agakate barara bariye!

Mu bisanzwe nkubu umwana ahejeje amashure ni ngombwa yiyumvire kwegera CNDD FDD kugira arabe ko yoronka Akazi niburiburi ko guhagarara kwibarabara atoza amatagisi! Kuko uwutarimwo nako ntako aronka !!
Aya masengesho rero yatangujwe n’umuhisi Nkurunziza,kandi Nkurunziza yoba yarakunda gusenga vy’ukuri uretse ko nawe hari ivyagenda bimugora nk’umunya politique nyene akemera inganda zigatikira ku bw’Inyungu ziwe n’umugambwe wiwe! Kuko nk’ingingo yo kwitoza Mandat ya gatatu muri 2015 nta nyungu z’Igihugu canke z’Abarundi zarimwo ahubwo yabaye Ingingo yasubije Uburundi Inyuma cane kugeza nuyu musi!
Aya masengesho ya CNDD FDD,canke ngo gushira Imana Imbere si ivyukuri,ahubwo ni propaganda gusa,ni imwe mu nzira babonye yo kwiyegereza Abarundi,
Ahubwo akenshi babikoresha no mukugira Abarundi Ibijuju,Ibaze hagezeho bababwira ko Imana ariyo yabimye Imvura kugira Angeri iboneke muce mutera Impeshi,ivyo bikavurwa n’Umuntu yitwa ko yaminuje amashure,akabivugira Imbere y’Abashingamateka bitwa ko baserukira Abene Gihugu! Murumvako n’Ubwenge bwabo bantu butera butakara!

Muravye Inzigo aba CNDD FDD bagendana,ukaraba ubusuma bwabo,ukaraba ukwikunda kwabo,ukaraba ubukozi bwikibi bwabo,Ubusambanyi bwabo,ubwicanyi bwabo,….abo bantu Imana yukuri ntiyogendana nabo!
Imyanya batakaza,namafaranga ya Leta batakaza ngo bari gutegura ibikorane vyo gusenga botumye babikoresha mubindi biteza Imbere Igihugu!
Nta kindi Gihugu kw’Isi kirimwo abategetsi bigira abasenzi benshi,canke gitegura Ibikorane vyinshi vyo gusenga nk’Uburundi ariko nico Gihugu kugera kuruyumwanya kirimwo ubukene bwinshi kurusha ibindi!
Uwobiraba neza wosanga ahubwo Imana yarasize Uburundi kure y’amaso yayo kubera iyo mivumo bikwegera yo kuvanga ibitavangika!
Abandi bategetsi bose kw’Isi bahatira urwaruka kwiga Science and Technology ariko Iburundi babahatira kurima no gutunga ibikwavu!
Science na Technology n’ivyo bitunze Isi ya none,kuko no kurima kwa none ni Science and Technology!
Nta Gihugu kizotezwa Imbere n’Abantu bakirimisha isuka!
Nta nzara izigera iva mu Gihugu,mukirimisha isuka!

Mu bindi bihugu harima abanya mitahe!,ariko ukiri muri Politique yo kubesha Abantu ukabagira Ibijuju,nta musi numwe izigera ubageza aho bipfuza,ahubwo wewe ubwawe uzigeza aho wipfuza !!
Ayo masengesho y’ubuswaganyi,y’uburyarya ntaho azogeza Abarundi!
Ni muhinduke,mukure Inzigo muri politique,mukure ubukunzi bw’Inda muri politique,mureke gufata ububasha mufise mukubuhindura inkoni yo gukubitisha abo mudashaka,no kubwitwaza kugira mwitungishe ubwanyu!
Hama muhe akazi uwugashoboye mutaravye ibi na biriya, habeho organisation nziza mu nzego zose no mimitungo kamere Uburundi bufise muheze murabe mu myaka cumi gusa ko Uburundi butoba busumba Ibihugu vyinshi!!!
Uburundi nibwo ari igihugu canyuma kw’Isi,ariko kikaba gitunze abategetsi batunze cane!
Naho muyarunda runda mumifuko yanyu,mugasonzesha Abandi muzopfa muyasige!
Abo mwasonzesheje mubakumira ku twabo,muzobana mu kaburi kamwe! Naho bazoguhamba mw’Isandugu y’inzahabu ariko nta muyaga nkuba canke A/C bizoba biriyo ngo uheme! Uzoba urutwa na wa Nyarucari wasonzesheje ariko agihema!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments