UBM News ads

Burundi-Rwanda:Prezida Paul Kagame avuze inkuru y’ihumure ku burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari igihugu kimwe hagati ya kongo n’uburundi urwanda rugiye kugusubira kugirirana imigenderanire myiza nkuko bishikirizwa na prezida Paul kagame!

Ku musi wejo muri BK Arena prezida Paul Kagame yageje ijambo kubanyarwanda benshi bari bamurindiranye igishika aho yagarutse ku ntambara za kongo,umubano n’ibindi bihugu hame n’ibihano amaze imisi afatirwa!

kucerekeye intambara ya kongo,prezida Paul Kagame avuga ko bariya bari kurwana ari abakongomani bimwe uburenganzira bwabo ko atayandi mahitamwo uretse kurwanira uburenganzira bwabo!

Paul kagame avuga ko bariya bakongomani bavuga ikinyarwanda bisanze inyuma y’imipaka y’urwanda kandi nta ruhara babigizemwo.

Aha agira ati:”abanya gisoro bari uganda nitwe twabajanyeyo?abari masisi,rutshuru nitwe twabajanyeyo?Nimba bashaka kubirukana ngo bagaruke mu Rwanda nibabirukane n’ubutaka bwabo”.

Kukibazo c’ububiligi,Paul Kagame yemeza ko urwanda rwagize ivyago kubona rwakoronijwe n’agahugu gato nk’ububiligi rugatema urwanda kugira rungane nk’ububiligi.

Mu nyuma nya Bubiligi nyene bwahenze kongo n’uburundi mu guhungabanya umutekano w’urwanda ariko kimwe muri ibi bihugu;kongo n’uburundi umubano ugiye gusubira kuba mwiza.

Umubano w’urwanda n’uburundi wakomeje kuba mubi gushika aho Leta y’uburundi yugara imipaka ibuhuza n’urwanda kubera ku mpamvu yuko abahungabanya umutekano w’uburundi baturuka mu Rwanda harimwo nuko urwanda rubitse abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero nkurunziza muri 2015.

Mu misi ishize intumwa za Prezida Evariste Ndayishimiye ziheruka mu Rwanda gutanguza inzira y’ibiganiro kugira umubano usubire kuba mwiza.N’intumwa z’urwanda nazo nyene zaraje mu Burundi gukomeza inzira y’ibiganiro uko imigenderanire yosubira kuba myiza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments