UBM News ads

Gute muhayagiza ingabo z’urwanda ngo zirakomeye?Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye araremesha abarundi ko uburundi burinzwe n’ingabo nyishi iziboneka n’izitaboneka naho hari abirirwa bahayagiza ingabo z’urwanda ngo zirakomeye.ariko Nuko badafise Imana ngo ibereke ingabo z’uburundi uko zingana!

Neva ati:”nshobora kuba niyicariye aha Imana ikavuga ati mavubi genda mubarye!”.

Kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2025,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arikumwe n’inzindi ndongozi z’igihugu baragendeye ishengero Vision Christ aho yatanze ubutumwa bukomeye haba kuntambara zibera mu buseruko bwa kongo hamwe n’ibihuha bivuga kubashaka gutera uburundi.

Prezida Evariste Ndayishimiye yarahumurije abarundi ko uburundi burinzwe,bufise ingabo nyishi iziboneka n’izitaboneka.

Umukuru w’igihugu avuga ko abirirwa bahayagiza ingabo z’urwanda ngo zirakomeye nuko badafise Imana ngo ibereke ingabo z’uburundi uko zingana!

Neva ati:”uburundi bufise ingabo ndababwire!Imana ishobora gutuma amavubi ngo genda mubarye niyicariye ngaha!”.

Muri make Prezida Evariste yishimikije amajambo yo mu gitabo Bibiliya,Yerekana ko Imana ariyo irwanirira uburundi aho atanga akarorero kuri Gidiyoni na Elisa baterwa ariko Imana ikaba ariyo irwana intambara.

Yongera ko abirirwa bahayagiza ingabo z’urwanda ngo zirakomeye ari kubera badafise Imana ngo ibahe iyerekwa babone ingabo z’uburundi uko zingana.

Prezida Evariste Ndayishimiye yagaragaye asubira kwagiriza urwanda ko ibibazo vy’amako uburundi bwaviyemwo vyaturutse i Rwanda kuko aribo baje kwanduza abarundi!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments