UBM News ads

Kuki Leta y’uburundi iguma irungika ingabo muri Kongo?-Frederic Bamvuginyumvira.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abacangero b’ibulaya baratashe,Ingabo za SADC ziratashe,FARDC ntigishoboye kurwana,Tshisekedi yemeye ibiganiro,none kuki Uburundi buguma burungika ingabo muri kongo?bushaka iki?Ibi Bishikirizwa na Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha.

Frederic Bamvuginyumvira ati Ivyo Ndayishimiye ari gukora bitebe bitebuke azobibazwa!

Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta ya CNDD-FDD bahunze igihugu aratangazwa n’inyifato ya Leta y’uburundi iguma irungika ingabo muri kongo kandi abo vyega bagiye kumeza y’ibiganiro kugira bakemure ibibazo vy’intambara zibarizwa mu buseruko bwa kongo.

Uwo arongoye urunani CFOR Arusha avuga ko mu gihe abacangero b’ibulayi bahora bafasha Tshisekedi batashe,ingabo za SADC nazo zigataha,abasoda ba Kongo nabo ntibabe bagishoboye guhangana n’umwansi,Tshisekedi akaba yatinze aremera kuganira na m23,uburundi bushaka iki?kuki buguma burungika ingabo?

Frederic Bamvuginyumvira yemeza ko mu bitebe bitebuke ivyo Prezida Ndayishimiye ari gukora azobibazwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments