UBM News ads

Urwaruka ruriko rurabura amaviza cane muri iyi misi-Albert Nshingiro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji ajejejwe imigenderanire n’ayandi makungu Albert Nshingiro avuga ko impamvu urwaruka rw’iburundi ruri kubura amaviza cane yo kuja muri Amerika n’iburayi muri iyi misi ari kubera bagenda bagaca baherayo.

Albert Nshingiro akizeza abarundi muri rusangi cane cane urwaruka ko muri 2040 ata rwaruka ruzoba rucipfuza kuja hanze kuronderayo ubuzi kuko buzoba bwuzuye mu gihugu kandi abarundi babayeho neza cane gusumba uyu musi.

Kuri uyu musi igenekerezo rya 18 nyakanga 2024,umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Albert Nshingiro yari umutumire mu nama nshingamateka gusigura integuro y’ibwirizwa rigenga amasezerano hagati y’uburundi na Benin kubijanye no kwemera kwinjira muri ivyo bihugu abenegihugu bafise ibitabu vy’inzira vy’icubahiro,ivyo akazi n’ibisanzwe.

Umushikiranganji Albert Nshingiro yamenyesheje ko muri ino misi urwaruka rw’abarundi bashaka kuja muri Amerika n’ibulaya ata ma viza bari kuronka kubera abamaze kujayo atanumwe yipfuza kugaruka mu gihugu.

Albert Nshingiro agira ati:”ubu kugira uronke viza usabwa kwerekana amatungo ufise,ko wubatse inzu,ko ufise umuryango bakaraba ikintu uvuga uti sinoheba.kuko benshi baragerayo bagaca bigumirayo niyo mpamvu ubu amaviza kurwaruka canke abafise imyake mike bigoye bigoye kuyaronka.

Naho biri uko Albert Nshingiro arizeza abarundi muri rusange cane cane urwaruka ko muri 20240 ata rwaruka ruzoba rwipfuza kuja hanze kurondera ubuzi kuko buzoba bwuzuye mu Burundi kandi abarundi bazoba babayeho neza gusumba uyu musi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments