Pierre Claver Mbonimpa
arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo avuga ko Amb.willy Nyamitwe yari mu bantu baje kumuhohosha mu bitaro Polyclinique mu gihe yari ahejeje kuraswa muri 2015.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 nyakanga 2024,Pierre Claver Mbonimpa yahoze arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo yamenyesheje ko inyuma yo kuraswa muri 2015 Imana igakinga, hari umurwi wari urongowe na Amb.willy Nyamitwe waje kumuhohosha aho yari arwariye mu bitaro polyclique.
Nkuko yabishikirije kuri space(ikiganiro catunganijwe na Reynold Butari kuri x twitter) kuwa 14 nyakanga 2024 yavuze ko amaze kuraswa yaciye ajanwa mu bitaro polyclique kuvurirwayo mu gihe abari bahejeje kumurasa bari bazi ko vyarangiye.
Haciye umwanya muto ngo willy Nyamitwe yaciye azanana na Kazungu yakorera iperereza aca abasiga kukabare kabashinwa kari imbere ya PAF yakera hama aca aza aho ndwariye kuri polyclinique abanyagihugu babibonye baramukwirikiranye baca babona atumbereye aho ndwariye baca bavuza induru baranamutera amabuye aca aragenda.
Mbonimpa avuga munyuma ama ambasade yaciye arungika abajejwe umutekano kumucunga.





Recent Comments