UBM News ads

Abarundi bagiye gusubira kugenda muri Serebiya ata viza isabwe-Albert Nshingiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji Albert Nshingiro asigura KO mu misi iri imbere Abarundi bagiye gusubira kugenda gukora muri serebiya ata viza isabwe.
N’inyuma yaho amasezerano yo kwinjira muri serebiya ata viza isabwe ahagaze kubera Abarundi 5000-6000 bagiye muri serebiya,99% baciye bavayo bagenda mu bindi bihugu vya bulayi

Umushikiranganji Albert Nshingiro ajejwe imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu yaraye amenyesheje ko amasezerano yo kwinjira muri serebiya ata viza isabwe bigiye gusubiraho.

Icari cabihagaritse nkuko Albert Nshingiro abisigura ,Abarundi bonjiye muri serebiya hafi ibice 99%ntanumwe yagumye muri serebiya baciye bigira mu bindi bihugu vya Bulayi.

Ibindi bihugu vya bulayi bamaze kubibona baciye bategeka igihugu Serebiya guhagarika iyo ngingo vyihuta canke ifatirwe ibihano”Albert Nshingiro”

Albert Nshingiro amenyesha rero basanze igihugu ca serebiya cabaye inzira yo kwinjira ibulayi kandi atavyangombwa abo barundi bari bafise.

Albert Nshingiro arangiza amenyesha ko ibiganiro vy’abahinga bimaze indwi bitanguye hagati y’uburundi na serebiya kugira abarundi basubire kugenda gukora muri serebiya ariko ntibasubire mu bindi bihugu bikazokorwa nkuko bikorwa muri Arabiya saoudite.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments