Mu gihe uyu musi hatanguye Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, haritezwe cane ko Ishirahamwe rya Africa y’ubuseruko rigira ico rivuze ku kibazo c’uburundi gisa n’icananiranye mu kwifatira ibintu mu ntoki. Uburundi bukaba bwaserukiwe na Gaston Sindimwo.

Inkuru iriko ikwiragira cane ni iy’uko Benjamin Mkapa, umufasha mu biganiro bihuza Abarundi yoba yatanze imihoho. Abatavuga rumwe na leta bobo iyo nkuru ,benshi bita igihuha, bayikwiragije cane gose, bamenyesha ko ‘Benjamin Mkapa yahuye n’intambamyi zivuye kuri Leta y’i Bujumbura’ .
#Burundi-Facilitation: Le Facilitateur ds le conflit burundais S.E Benjamin Mkapa vient de démissionner. Il n’a pas bénéficié du soutien des chefs d’Etat de @jumuiya, ce qui a radicalisé le pvr de P. Nkurunziza. Pauvre Burundi laissé à lui même ! Où est l’ONU? @antonioguterres
— Cimpaye Pancrace (@Cimpaye67) February 22, 2018
Abandi nyabuna bagahakana ukwo gutanga imihoho kwiwe.Umuvugizi mu biro vya Mkapa,Macocha Tembele, mu rwandiko rwiwe kuri Twitter yavuze ko amakuru yo gutanga imihoho ya Mkapa ari ‘ibihuha gusa, ko Mkapa aza gushikiriza gusa Icegeranyo c’ivyo yashitseko mu mabanga yajejwe kuba umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ku bakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko’.
The Facilitator of the Inter- #Burundi dialogue will today present his report to the @jumuiya Summit. The Summit will inturn decide on the way forward. News about his resignation are nothing but rumours.
— Macocha Moshe Tembele (@mactembele) February 23, 2018
Ariko rero Gaston Sindimwo, Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, uwaganiriye na Mkapa imbona nkubone i Kampala mu Buganda,wewe asa nuwemeza ko ‘Benjamin Mkapa akazi kiwe gasa n’akarangiye’, kuko “igikorwa ciwe ata kamaro kigifise”.
1. Suite à mon entretien avec le facilitateur @WMkapa sur la paix retrouvée au #Burundi, sur les consultations entre les partis politiques en province #Kayanza durant les mois de juin et décembre 2017, le facilitateur estime que son rôle n’a plus de raison d’être. pic.twitter.com/rlEv5T0ZXb
— Gaston Sindimwo (@Sindimwo_G) February 23, 2018
None duhava dufata ko ari ugutanga imihoho kwa Benjamin Mkapa canke ukurangiza ikiringo ciwe? uko biri kwose biraza kumenyekana mu makuru aza kubandanya…





Recent Comments