Ngo ‘Abanyafrika Barakunda Kuja Gusenga Gusumba Abandi’. Raba Impamvu.

0

Umupatiri yitwa Franciscan Josep Maria Massana ubu akorera mu gihugu ca Espanye yarakoreye mu bihugu vy’Uburundi, Kenya na Malawi, aravuga impamvu ituma ‘Abanayafrika b’abagatolika bakunda kuja gusenga gusumba bandi bakatolika baba mu bihugu bitunze I Buraya na Amerika’

Mu kiganiro uyo mupatiri yakoranye n’ikinyamakuru Aleteia, amenyesha neza ko ‘yitavye imisa nyinshi muri Afrika maze akaba yaravyiboneye kandi akemeza ivyo avuga’.Massana amenyesha ko mu bihugu vyo muri Afrika bakunda kuja gusenga kubera iyi mpamvu amenyesha : “ Abanyafrika ni abantu bakunda ibigororotse, bafise imizirikanyi itahura kandi isanzwe, bakagira n’ivyiyumviro bishingiye ku kuri”.

Ariko gute ho ku “ntama” zo mu bihugu biteye imbere nka Buraya na Amerika ya Ruguru? Impamvu uyo mupatiri Massana atanga ni ‘uko izo “ntama” zo mu bihugu biteye imbere’ zitinya ubwazo kwegera Imana’. Arongera agasigura igituma kandi Abanyafrika b’abakatolika bakunda kuja gusenga gusumba abandi mw’isi ko ari uko ‘abapatiri muri Afrika ntibakunda kuba bahari kenshi…bigasaba ko hajaho urutonde kugira intama zitabe urugendo rw’uwo mushitsi w’iteka’.

Massana abandanya amenyesha ko Abanyafrika batandukanye n’abandi mu bijanye no gusenga, kuko ‘bobo usanga bafise inzara y’ivy’impwemu gusumba ababa mu bihugu biteye imbere usanga batanabikeneye. Ngo ninaco gituma abapatiri bava mu bihugu vya Afrika na Amerika y’Epfo aribo ubu basigaye baja mu bihugu bitunze kuvuga ubutumwa ku ‘ntama zibona ko zihaze ariko zishonje’.