Liberat Mpfumukeko Mu Mazi Abira Yagirizwa ‘Ukunyonora Ubutunzi Bwa EAC’.

0

Nk’uko ikinyamakuru co mu Buganda, NTV, kibishira ahabona, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Africa y’Ubuseruko, umurundi Liberat Mpfumukeko, ari mu mazi abira inyuma yo kugaragara ko yanyuruje amafaranga y’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, amwe muriyo akaba yari yagenewe gufasha mu biganiro bihuza Abarundi.

NTV imenyesha ko Liberat Mpfumukeko yagirizwa kuba yaranyuruje amafaranga ashika ku madolari y’Abanyamerika 200 000 USD( nk’amarundi ashika ku miliyoni amajana atandadatu) yari yatanzwe bwa ntererano n’igihugu c’Ubushinwa kugira afashe mu biganiro bihuza Abarundi.

Libérat MPFUMUKEKO, Umunyamabanga Mukuru wa EAC

Liberat mpfumukeko akaba yari asanzwe yagirizwa kandi n’ukundi kunyonora, akaba asabwa gusigura neza ingene amafaranga ashika ku muliyoni w’amadolari( n’amarundi imiliyaridi zitatu) yagirizwa kunyonora kandi yagenewe ukwiteza imbere kwa Africa y’Ubuseruko. None ga yemwe wa mugani bavuga mu Kirundi ko “impene irisha aho iziritse” niwo?

Ibiri muri ayo matohoza bikaba biri mu cegeranyo c’abanyamabanga ntayegayezwa cashikirijwe ku musi wa gatatu muri iyi ndwi mu nama barimwo mu nyubakwa Imperial Royale Hotel. Liberat Mpfumukeko yagirizwa ivyo vyaha akaba ari mu gihugu ca Uganda kwitaba Inama y’abakuru b’ibihugu ba EAC iriko iba. NTV ikaba imenyesha ko Uwuhagarariye EAC muri kino gihe, ariwe Yoweli Kaguta Museveni, yatumyeko Liberat mpfumukeko kubw’ico kibazo ku musi wa mbere muri iyi ndwi.