NEWS

Rwanda: Umurwi mushasha w’abarwanyi wiyemeje ‘Gukuraho Leta ya Kagame’ wishize ahabona.

on

Mw’itangazo uyo murwi mushasha wiyita National Liberation Forces(NFL) wasohoye, wamenyesheje ko uje n’inguvu nyinshi zo gutembagaza intwaro ya Paul kagame mu Rwanda kubera ko yananiwe no gukemura ibibazo bihanze ico gihugu.

Uwo murwi ukaba wamenyesheje ko ariwo wakoze ibitero vya vuba muri ico gihugu, ibitero vyegetswe ku bantu bitwaje ibirwanisho baje bava mu Burundi nk’uko igipolisi c’Urwanda cabimenyesheje, maze bashira ku mugaragaro intumbero yabo yo gukura ku butegetsi Paul Kagame.

Uwo murwi wiyita ko ari inguvu zije kurokora igihugu c’Urwanda ukaba wagiriza Paul Kagame gucamwo ibice igihugu c’Urwanda, guhonyanaga agateka ka zina muntu, guhindura ibwirizwa shingiro kugira agume ku butegetsi hamwe no guhohotera abatavuga rumwe nawe muri politike, mu gihe yagirizwa kandi ko yananiwe no gukuraho ingorane zo mu vy’Ubutunzi hamwe no kubura akazi( ubushomeri) mw’ico gihugu.

National Liberation Forces(NFL) yatangaje ko izokoresha inguvu zose harimwo ugutana mu mitwe hakoreshejwe ibirwanisho kugira Paul kagame akurwe ku Butegetsi.

National Liberation Forces(NFL utangaza gutya: “…Ku bw’ivyo tukaba twashinze umurwi witwaje ibirwanisho uzwi nka National Liberation Forces(NFL) kandi tuka twawuhaye inshingano wo gukombora Ubutegetsi bwa Paul Kagame”.

Bamwe n’abandi bakaba bibaza uko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda igiye kugenda mu gihe ivyo bihugu uko ari bibiri vyagirizanya guhungabanya umutekano wa kimwe kimwe muri ivyo bihugu.

Recommended for you